Naho Leta yari yafashe ingingo yo kwugara amazu y-ubudandarizo bw-amahera y-agaciro mukugira ayo mafaranga aze aboneka ku bwinshi nuko n-ubu kugira uronke ayo mafaranga bitoroshe mu gisagara ca Bujumbura, aho uyaronse naho ukayagura amahera menshi.
Kubariko bayarondera mu kinyegero bamenyesha ko ubu ifaranga ry-abanyamerika bita ˮdollars‟ rivunjwa amafaranga y-amarundi ari hagati y-3200FBU na 3330 FBU. Hama ifaranga ry-abanya buraya bita ˮEuro‟rikaboneka hagati y-amafaranga y-amarundi y-3800FBU na 3900FBU. Ingaruka zitumwe n-iryo kena ry-ayo mafaranga ni nyishi n-uko ibiciro vy-ibintu vyankenerwa biguma biduga ku musi ku musi aha twovuga= ivyambarwa, amaterefone ngendanwa, n-ibindi…
Ikindi abarondera ayo mafaranga y-agaciro bavuga , ugiye kuyarondera mw-ibanki nkuru y-igihugu canke amwe mu mabanki y-ubudandaji yahawe ububasha bwo kuvunja ayo mahera y-agaciro nuko habamwo ka mwana wa mama mukugira baguhe ayo mafaranga bisabwa ko uba uzwi n-abamwe bo m-ubutegetsi.





Recent Comments