Amafaranga agera hafi imiriyoni 2 z’amanyabulaya mu marundi n’amafranga yababa imiriyalidi 5 niyo umuryango w’ibihugu vya bulaya ufadikanije n’ishirahamwe AFRICALIA wahaye Uburundi, kuri uyu wa mbere 12/04/2021. Yatanzwe mu mugambi wo gushigikira igisata c’imico kama n’akaranga.
Ayo mafaranga azokoreshwa mu gukarihiriza ubwenge abakorera muri ico gisata mu Burundi.
Ezéchiel Nibigira, umushikiranganji ajejwe imico kama yatanguje icese uwo mugambi uzomara imyaka 3, yasavye abegwa nawo kuzowukamisha bakaduza akanovera k’ibikorwa vyabo.
Recent Comments