UBM News ads

Miss Burundi azotorwa itariki 10 ndumukiza 2021

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Angeline Ndayishimiye, niwe yuguruye ivyo bikorwa bizomara amezi atatu yo kwakira abakobwa beza b’abarundikazi. Abo bakobwa bakazoba bafise hagati y’imyaka 18 na 25, utarenza ibiro 65kg, urenza imetero 1 n’amacentimetero 65, kuba yarahejeje amashure yisumbuye, kuba atakurikiranwe n’ubutungane, kuba ataribaruka no kuba utarubaka urwawe.

Mwomenya ko iryo higanwa ryari rimaze imyaka 4 ridasubiriye kuba, kenshi bikava ku mpari ziva mur’iryo higanwa bamwe bashaka ko uwuva mu muryango wabo canke mu bwoko bwabo atahukana agashimwe ka Miss Burundi. Mwomenya kandi ko haheruka gutunganywa ihiganwa rya Miss Ngoma mu ntara ya Gitega, naho nyene impari ntizabuze kandi ubushimwe bwari bwemewe bukaba butatanzwe nkuko vyari vyategekanijwe.

Miss Burundi akazoronka imodoka nshasha, umushahara, hamwe no kurihirwa kaminuza ashaka ikorera m’Uburundi. Iryo higanwa rikaba ririko riratunganywa n’ishirahamwe SS (Speed Services Entreprise) rishigikiwe n’ubushikiranganji bwo gushigikirana no kunganisha ibitsina hamwe n’ubushikiranganji  bujejwe ingenji n’ubudandanji.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments