Ivyo biri mw’itangazo ryo kur’uyu wa mbere abarongoye ayo maradiyo na mateleviziyo RPA, Télé-Renaissance, Inzamba, n’ishirahamwe rigwanira agateka k’abamenyeshamakuru UBJ. Abarongoye ayo maradiyo bakavuga ko bashimye imvugo ya Prezida Ndayishimiye yo gusubira kugurura amaradiyo yugawe.
Déclaration Médias 01.02.2021-1 
Ariko abo barongoye ayo ma radiyo n’imboneshakure aribo Bob Rugurika, Innocent Muhozi na Alexandre Niyungeko barasaba ko hoba ibiganiro vyungene amashirahamwe adaharanira inyungu za politike botaha mu gihugu,hamwe no gufungura abafungiwe politike hamwe n’ingene kunyuruza abashikirije ivyiyumviro vyohagarara.
Mwomenya ko kur’uyu wambere abaserukira amaradiyo n’ibinyamakuru VOA, BBC, Bonesha, ikiriho, Iwacu vyitavye ku cicaro c’ikigo CNC mu ntumbero yo kwiga ingene bosubira gukora. Nestor Bankumukunzi, umukuru w’urwego CNC, iradiyo Isanganiro imubajije ivyerekeye abamenyeshamakuru bahunze akaba yamenyesheje ko ivyo bitaraba urwego CNC ikibazo cabo atariho kibazwa.





Recent Comments