UBM News ads

Reta y’Uburundi ngo ntirota ivana abasirikare muri Centrafrique.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Antonio Guterres yihanganisha reta y’ Uburundi, yamenyesheje ko Abasirikare b’ Abarundi batatu baguye mu migwano nabarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Centrafrique.

Inyuma y’iryo tangazo, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, akaba yaciye avuga ko adaterwa ubwoba nivyo bitero.

Umukuru w’igihugu akaba yamirira kure ico gitero maze akavuga ko ‘abasirikare b’Uburundi batazoca bavayo’

Abasirikare b’Abarundi bari kugarukana amahoro muri Centrafrique bakaba bariyo mu mugambi wa ONU, MINUSCA.

Iryo tangazo rikaba rivuga kandi ko abasirikare batatu b’ Abarundi baciye bakomereka.

Amakuru amwe avuga ko hoba hapfuye abasirikare 10 b’abarundi muri ico gitero.

Umukuru w’igihugu akaba, Ndayishimiye, akaba yavuze ko ‘reta ayoboye itazoterwa ubwoba n’iterabwoba ry’abadashaka amahoro muri Centrafrique’ gushika amahoro agarukanywe.

Ikinyamakuru canyu kikaba gihojeje Abarundi babuze muri iryo sanganya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments