UBM News ads

Abanyarwanda bagiye kuronswa urucanco rwa covid-19

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Prezida Paul Kagame mw’ijambo yashikirije abanyarwanda, aho akaba yariko aravuga ingene igihugu c’ifashe mu mpera zuyu mwaka wa 2020. Prezida Kagame akavuga ko mu mezi atatu aza yo mwaka uza wa 2021 urucanco rwa covid-19 ruzoba rushitse mu Rwanda.

Prezida Kagame akaba atavuze iyo urwo rucanco ruzova. Ibihugu vyinshi vya rutura kwisi mu bushakashatsi bwo kuvura bikaba vyemeza ko vyatoye urucanco rw’iyo ngwara ibangamiye isi. Izo ncanco zikaba zitemerwa n’abanyagihugu baho bazitoye bamwe bakavuga ko zoba zitera izindi ngwara nk’ubumuga.

Ntawuzi ko mu Rwanda ingene abanyarwanda bazovyakira mu gihe gushikiriza ivyiyumviro bitandukanye murico gihugu c’Urwanda atarikintu coroshe. Mwomenya ko mu gihugu c’Ubwongereza hatowe ubundi bwoko bw’umugera wa covid-19 ari naco gituma ibihugu vyinshi vyaciye bifata ingingo yo kugara imbibe n’ico gihugu c’Ubwongereza.

Uburundi bukaba ataco buravuga kurizo ncanco ziriko ziravugwa mu bihugu bifise ubushakashatsi buhanitse.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments