Ivyo nivyibonekeza uciye iruhande yiryo soko rya Bujumbura ryahiye riratokombera ubu risigaye ryaramezemwo ibiti. Abakenyezi badandaza ivyamwa n‘abagabo ubu baradandaza ukuri kwamye bacungerewe n’abapolisi gushika amasaha y’ijoro.

Ivyo biruko mu gihe giheze kitari gito abapolisi biruka kubandandaza babakeneyzi mbere n’abagabo baba bariko baratembereza utuntu bandandaza haruhande yiryo soko, bakabibambura mbere nugufungwa bagafungwa.
Ariko ntawurabona ryo tegeko ribarekurira gukora iyo ryavuye ariko benshi barashima ko bareka abo bantu bashaka gukora bakidandariza bakarondera icorirenza hubahirijwe umutekano n’isuku. Ivyo biruko mu gihe ico kibanza kiriko kironderwa n’amabanki akorera m’Uburundi n’abandi bagwiza tunga kugira. Ibikorwa nivyatangura abo badandaza bakazoca bakinjura.





Recent Comments