UBM News ads

Uburundi bwaronse imfashanyo ya miliyoni 20 USD bwa mfashanyo ku barimyi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uburundi bwaronse imfashanyo ya miliyoni 20 USD bwa mfashanyo ku barimyi itanzwe na banki ya Africa y’iterambere, African development bank, AfDB.

Ariko rero iyo mfashanyo nta na hamwe reta y’Uburundi iravuga ko iyo mfashanyo yatanzwe na AfDB mu mugambi wo gufasha abarimiyi wiswe PADCAE-B, maze bikaba bitera amakenga abatari bake ko ayo mahera ashobora gukoreshwa mu bundi buryo mu kuyanyuruza.

Iyo mfashanyo ikaba itanzwe ku bwo gufasha intara za Kirundo, Ngozi na Muyinga, hafi imiliyoni 3 z’abarundi kuko ariho haboneka ko haba Abarundi benshi.

Umugambi wa PADCAE-B uzoshirwa mu ngoro mu kiringo c’imyaka itanu mu ntara za Kirundo (Busoni, Vumbi, na Bwambarangwe), Muyinga (Giteranyi, Gasorwe na Gashoho), na Ngozi (Gashikanwa, Kiremba na Tangara) mu buraruko bw’Uburundi.

Uwo mugambi wa AfDB ukaba uzofasha abategetsi b’Uburundi gushikira abanyagihugu mu bijanye n’Uburundi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments