Ivyo vyabaye ejo mu gisagara ca Kinshasa mu ngoro y’amakoraniro y’abashingamateka. Abashingamateka bashika 281 kuri 500 nibo batoye kuyo mupfasoni yararongoye inama nshingamateka ya RDC yokomborwa inyuma yimpari nyinshi ziriko zihuza abashingamateka bari murunani rw’imigambwe FCC n’abari murunani rw’imigambwe CASH bari kuruhande rwa prezida Félix Tshisekedi, FCC nayo ikaba ishigikiye uwahoze arongoye RDC Joseph Kabila.

Ayo mahuriro yiyo migambwe akaba yaracuditse mu misi yambere ariko ubu icuka kikaba arikibi mbere Prezida Felix Tshisekedi akaba yaramenyesheje ko avavanuye niryo huriro. Benshi bakabona ko ari instinzi yambere ya Prezida Felix Tshisekedi mu kunyinyurana kuri hagati yiwe na Prezida Joseph Kabila. Joseph Kabila akaba yarafise abashingamateka benshi, Prezida Félix Tshisekedi nawe bikaba bitamworohera gutwara mu gufata ingingo.





Recent Comments