Ivyo vyavugiwe mu nama rukoko urwaruka rwo mu mihingo yose yo m’Uburundi rwagiranye na Prezida Ndayishimiye aho bariko barigira hamwe ingene bogwiza umwimbu bakarwanya n’ubushomeri bwugarije urwaruka rwahejeje amashure mu gihugu c’Uburundi. Prezida Ndayishimiye akaba yakoranije urwaruka rumaze kugera kure mu mashure hamwe n’urwaruka rumaze kugurura amashirahamwe yo kwikorera utwabo.

Amakaminuza akorera m’Uburundi akaba asohora urwaruka rungana 10 000 ku mwaka ushizeko n’urwamashure y’imyuga hamwe n’urucira hagati amashure. Urwaruka rungana ibice 6 kw’ijana nirwo ruronka akazi gusa, abandi ibice 2 kw’ijana barugurura ubuzi bwabo ariko 80 kw’ijana y’amashirahamwe arahomba haciye imyaka itatu yuguruye. Ivyo bikaba vyavuzwe n’umuhinga yariko arerekana ingene kuronka ubuzi m’urwaruka vyifashe m’Uburundi.
Uwo muhinga akaba yatanze umwizero ko hari amafaranga angana imiliaridi 40 z’amarundi azofatwa nk’ingwati azojanwa mw’ibanki y’urwaruka.
Prezida Ndayishimiye mw’ijambo ryiwe yamenyesheje kwatumva igituma urwaruka rudakora rufatanije na Leta y’Uburundi ngo rwiteze imbere ruteze imbere n’igihugu, yaciye asaba urwo urwaruka kuja hamwe kugira rukorere imigambi izoruzanira kazoza keza.
Ariko urwaruka rutari ruke ntirurabona neza ingene ruzovyifatamwo kuko uwo mugambi udatunganije neza kandi amafaranga y’umutahe atangwa hakurikijwe umugambwe kandi harugwaruka rutiyumvamwo ivyimigambwe bashaka gukora gusa bateza imbere igihugu mbere barondera kazoza kabo keza.





Recent Comments