UBM News ads

12 nibo bamaze kwandura COVID-19 mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abantu bashika kuri 12 nibo bamaze kwandura ca kiza ruhonyanganda kw’isi arico Coronavirus mu gihugu c’ Uburundi kuva ku wa 31 Ntwarante 2020.

Muri abo 12, batanu barakize, abandi batandatu bari kumusego mu gihe hamaze kwibonekeza umwe amaze gupfa ahitanwe nico kiza naho ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu bumenyesha ko ‘yahitanywe n’izindi ngwara yari afise’.

Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu bwashize ahabona uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2020 umugwayi mushasha wa COVID-19 yakora ari mur Stage yo kwimenyereza kuvura mu gisagara ca Bujumbura.

Ubushikiranganji kandi bukamenyesha ko abarwayi batanu baheruka gutorako umugera wa COVID-19 bafise amagara meza kubera ko babandanya bitwarairkwa mu bitaro Prince Regent Charles.

Mwomenya ko hamaze gupimwa abantu barenga 280 mu gihugu cose maze bikaba bimaze kugaragara ko 12 aribo bamaze gusangwamwo uwo mugera wa COVID-19.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments