Saturday, January 28, 2023
HomeNewsKu kibuga c’indege Melchior Ndadaye havurwa ibura ry’igitoro gikoreshwa n’indege.

Ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye havurwa ibura ry’igitoro gikoreshwa n’indege.

Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa Kerozene gikoreshwa n’indege buribonekeza iki gihe mu kibuga c’indege Melchior Ndadaye. Ivyo biri ukwo mu gihe ishirahamwe Interpetrol ryahora ritanga ico gitoro ritangarije ko muri kino gihe rifise igitoro gike mu bubiko bwaryo.

Igenekerezo rya 17 Kigarama 2022, Ishirahamwe Interpetrol ryamenyesheje ko rifise ikibazo co kuronka igitoro co mu bwoko bwa Jet A-1 kiri mu bwoko bwa Kerozene gikoreshwa n’indege, igitoro iryo shirahamwe ryari risanzwe rironsa ikibuga c’indege ca Bujumbura. Mu rwandiko iryo shirahamwe ryashize ahabona, rivuga ko izo ngorane rihagaze ahanini kubasanze barironsa ico gitoro, ibituma ridaheza ngo rironse abakiriya baryo ico gitoro.

Amakuru aturuka aho ku kibuga c’indege ca Bujumbura amenyesha ko muri kino gihe hari ikena ridasanzwe ry’ico gitoro , ivyo rero bikaba vyibonekeje kuri uyu wa gatandatu w’indwi twaraye dusozereye aho indege y’ikompanyi yo mu gihugu ca Kenya, Kenya Airways yarivuye I Nairobi maze ibura igitoro kiyisubiza inyuma ,ivyateye uruhagara ku ngenzi zari mw’iyo ndege arikwo guhitamwo kuja mu gihugu c’urwanda kunywesha igitoro kiyifasha kubandanya urwo rugendo.

Must Read

“ko wabuze ico ukora reka tukuyoze birya bicafu ube urakora ivyo”...

0
Abashomeri baja hagati mu gisagara ca Bujumbura ataco baba bariko barahakorera bagiye kubahagurukira . Bivurwa n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca aho agirako atomora mu...