Mu gihe kuri uyu wa kane umushikiranganji w-ikigega ca Leta yari umutumire mu nama nshingamateka, Bamwe mu bashingamateka baramubajije ikibazo kijanye n-ikena ry-amafaranga y-agaciro mu mabanki y-ubudandaji, ariko akaguma aboneka mu masoko yo mu binywabi ,amwe bita marché noir.
Umushingamateka Appolinaire Nsindayikengera yasavye umuco k-ubwo bukene bw-ayo mahera:
ˮTurazi ngene igiciro ca Taux de change kimeze c-amadorare, cashinzwe na Leta muga uno musi,ugiye kuyarondera kuriyo taux ntushobora kuyaronka. Ariko ugiye kurondera amadorare wipfuza kuri marché noir uyaronka bitagoranye Naho ikibazo c-iwanje gihagaze‟
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo nta vyishi yashimye kuvuga kw-ico kibazo kuko ngo ari ikibazo c-akamenamutwe
ˮIvy-amadorare jewe nsinokwirirwa ndagira ico ndabivuzeko kuko ari icirwa c-akamenamutwe , kuko amadorare ntanahamwe tuyimbura, ntanahamwe tuyamura , amadorare azoboneka aruko natwe dushoye umwimbu ushimishije hanze tukayinjiza ‟ Niko Domitien Ndihokubwayo yishuye.
Recent Comments