Jacob Zuma asaba ko amatora mu Burundi yokwegezwa inyuma

0

Amatora y’umukuru w’igihugu c’Uburundi yarakwiye kwigizwa inyuma nkuko bishikirizwa na Jacob Zuma. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho abepisikopi ba Ekleziya Katorika bamenyeshereje ko bazohava bakurayo abantu babo mu gihe umurwi utegura amatora CENI utokwigiza inyuma amatora.

zuma

S’abo gusa kuko n’abarundi batari bake baguma bamenyesha ko amatora yokwigizwa inyuma mbere n’abasanzwe barongoye uwo murwi utegura amatora bagasubirizwa.

Nayo ikibazo c’Umutekano buca cigirwa hamwe n’abakuru b’ibihugu vya afrika y’ubuseruko inyuma y’Inama iheruka kubera Luanda muri Angola.

Mwomenya ko amatora ya Mbere azoba ari ay’abajenama ba Commune hamwe n’qbashingamateka azoba igenekerezo rya 26 rusama akurikirwe n’ay’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kwa gatandatu.