Zimbabwe: Prezida Mugabe Asabwa Kuva ku Butegetsi

0
Robert Mugabe, Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe

Prezida Robert Mugabe wa Zimbabwe yatahutse mu gihugu ciwe, avuye muri Aziya, aho yaramaze iminsi ari mu karuhuko. Bitegekanijwe ko inyuma y’ako karuhuko, Prezida Mugabe asubira mu biganiro ku bijanye n’uko hageze ko atanga ubutegetsi.

Nta mumenyeshamakuru numwe yatumiwe kumwakira ku kibuga c’indege. Ibitari vyitezwe na Prezida Mugabe. Umwe mu bakozi ba Reta yahaye ubutumwa Prezida Mugabe, inyuma y’aho ahingukiye, avuga ko ar’ibintu bitumvikana gufata ingendo z’akaruhuko mu gihe igihugu cugarijwe n’ibibazo.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu bashika ku miliyoni zitanu, muri Zimbabwe, bakeneye imfashanyo y’ibifungurwa. Umwaka uheze waranzwe n’imyiyerekano y’abasaba ko agateka ka zina muntu kubahirizwa, ubutunzi bukanagugwa. Mur’iyi ndwi, Julius Malema, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta muri Afrika y’Epfo yasavye Prezida Mugabe gutanga imihoho.

Ni mu gihe abategetsi batari bake, harimwo n’abakukuruke mu gisirikare baza baramwiyonkoyeko. Tubibutse ko Prezida Mugabe ari k’ubutegetsi kuva mu mwaka w’igihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo umunani. Imbere y’uko afata urugendo aja m’uburuhuko akaba yaremeye ikiringo gishasha c’imyaka itanu, yongewe n’umugambwe wiwe, mu matora ategekanijwe kuzoba mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’umunani.