Yoweri Museveni nyuma yo gusinya itegeko rihana abahuza ibitsina, America yahise ihagarika infashanyo yahora ibaha muri Uganda.

0

Igihugu ca Uganda cemeje ko ibihano Reta zunzubumwe za Amerika zafatiye ico gihugu inyuma yo gutora itegeko rigwanya abahuza ibitsina babisangiye ko ata ngaruka na zimwe vyagize, ndetse banabeshuje abavuga ko iryo tegeko ryatumye haba ihohotera ridasanzwe ryabo bantu nyene bahuza ibitsina babisangiye.

Umuvugizi wa Reta, Ofwono Opondo agira ati : “Ntidushobora kwinginga Reta zunzubumwe za Amerika kuduha amafranga yayo. Yongeye agira ati : “Ubu abaganda baramaze kumenya ko badakwiye kubaho bateze amashi abasanzwe babaha imfashanyo.”

Kuri uno wa kane rero niho Reta zunzubumwe za Amerika zafatiye ibihano igihugu ca Uganda. Amerika yafashe ingingo yo guhagarika gutanga amafranga ku migambi imwe imwe ya Reta, icabitumye akaba ari uko Ubuganda bwatoye itegeko rihana abahuza ibitsina n’abo babisangiye. Mu bihano bindi vyafashwe na Amerika, harimwo ukwankirwa uruhusha “Visa” rwo kwinjira muri Amerika, ku bakuru bose bo mu buganda boba bakora ibikorwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu.

Mwomenya ko iryo tegeko ry’uguhana abahuza ibitsina babisangiye ryatowe mu gihugu ca Uganda mu kwezi kwa Ruhuhuma, ryatumye ibihugu rutura bisanzwe bishaka guteza imbere uwo murwi w’abahuza ibitsina babisangiye biyamiriza iryo tegeko bivuye inyuma.

Amashirahamwe atandukanye akaba yavuze ko iryo tegeko ry’Ubuganda ryatumye ibikorwa vy’uguhohotera uwo murwi w’abantu vyiyongera. Hari mbere n’abavuga mbere ko umwe muribo yishwe, abandi bakurwa mu kazi, hamwe n’abapfunzwe.
Reta ya Uganda yamirira kure ivyo bivugwa, ikamenyesha ko ata kirego na kimwe canke inkuru n’imwe barabona yerekana umuntu yoba yaratewe ubwoba, canke yarahohotewe. Kubw’ivyo rero, Reta isa n’iyifata minenerwe ibihano bafatiwe n’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.