UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Wunvise ivyamushikiye biteye ubwoba, aho ni nyuma yaho atangiye iciyunviro co kurekura Hussein Radjabu

INKURU Y’IBANGA KURI SYLVESTRE ABDALLAH NDAYIZEYE ATWARA IPEREREZA MU GIHUGU HAGATI*

-Umushingamateka Sylvestre Ndayizeye azwi kw’izina rya Abdallah,yabaye buramatari w’intara ya Karuzi ubu akaba arongoye urwego rw’iperereza rukorera mu gihugu hagati,hari inkuru twari twatanze yuko ariko arahiga kuzohigura na Sinduhije Alexis na Hussein Radjabu babanye igihe kitari gito mu buzima bwo kurugamba.

hussein-rad

-Ariko hari inkuru yoba yihishije inyuma y’iyo twatanze ariyo tubashirira ahabona uyu musi.

*Abdallah ari mu bantu bamye hafi cane ya Nkurunziza na Radjabu umubano wabo utaratosekara,akaba yarakoze uko ashoboye ngo uyo mubano ntuhungabane igihe vyaboneka ko abo bagabo 2(Nkurunziza na Radjabu)batanguye kutabona kumwe ibintu muri Cndd-Fdd,ariko biranka bimuta ku wamazi.

-Mu misi irangiye,harateguwe inama mu ngoro y’umugambwe Cndd-Fdd urwego gw’igihugu,hatumiwe abihangange vyaciye ku rugamba bishika 7,harimwo Abdallah,Nkurunziza n’abarya bandi twababwiye mu nkuru y’ubwambere.

-Abdallah afashe ijambo yoba yarahanuye abandi ko urukiza rwabo ku mabi bagirizwa n’urwo umugambwe Cndd-Fdd muri rusangi ruri kw’igaruka ry’umushingamateka Hussein Radjabu,ko bokwihutira gusubiza hamwe nawe,iciyumviro coba carashigikiwe na benshi mu bari muri iyo nama,ariko bisa n’ibitaguye neza uwabatumyeko(Nkurunziza).

**INGARUKA ZASHIKIYE ABDALLAH KURI ICO CIYUMVIRO YATANZE.

-Haheze imisi mike inama yarabaye,Abdallah agiye gusenga igihe c’isaha icenda z’umuhingamo(15h) ku rusengero rw’abaisiramu(umusigiti)uri muri quartier asiatique benshi bita(marikazi),niho yakira iterefone idasanzwe imugabisha ko yosenga nk’irya nyuma kubera hateguwe abahava bamwaka ubuzima ku mugoroba w’uyo musi azira ijambo yavugiye mu nama.

-Nyene kumuhamagara kw’iterefone yaramwibwiye,nawe aramumenya,asanga ni umwe mubo babanye cane hafi,aramubaza ko yohunga nawe amubwira ko atawugihunga incuro bahunze zakwiye.

-Abdallah yabajijwe ko acizera uyo muntu nka kera,nawe aramwemerera ko atacahindutse,maze amusaba ko yosenga uko bisanzwe,ahejeje asohoke afate imodoka yindi yateguwe,gwiwe(jeep V8)ayireke kuko imisore yo mw’iperereza yari yahawe ako kazi ko kumwica yari yategeye kuri iyo modokari yiwe.

-Abdallah yurira iyo modokari bamuzaniye yo mu bwoko bwa voiture carina benshi bita(TI),umushoferi ahabwa itegeko ryo ku mujana muri komine Buyenzi aho yamaze imisi yatse ubuhungiro mu buryo budasanzwe.

-Abakozi b’iperereza bari bahawe ako kazi,bararindiriye ko nyene jeep aza kuyitwara maze bamuronkereho barahebura imisi ibaye myinshi ihagaze hahandi nyene,baha inkuru shebuja ko umugambi wapfuvye kuko uwaronderwa yari yabimenye.

***NONE ABDALLAH YAGIRIWE ICIZERE KANDI GUTE?

-Bati:”Uwuzoguhisha ko akwanka nawe uramuhisha ko ubizi.”

-Mu nyuma Abdallah yaragiye ahabona,ubuzima burabandanya.

-Hahavuye hatumwako iyindi nama,maze ikavuga ku bijanye na Radjabu nyene,ariko kuri iyo ncuro Abdallah yaramiriye kure irekurwa ry’uwo mushingamateka naho abandi bo basa n’ababiha inguvu,ababwira ko ubuherutse yagira abizire,none nawe atihanganira uwuvyipfuza ko Radjabu arekurwa.

-Ibi vyateje impari nyinshi muri iyo nama,bose basohoka idaheze.

****IBIBAZO VYOKWIBAZA.

-Abdallah yoba yarahinduye ivyiyumviro kw’irekugwa ry’umushingamateka mugenziwe kuva aho arusimbiye?
-Mbega uyo yamusimbishije urw’uwo musi yoba ari umwe mu babiteguye?
-Ko kumuha iperereza ryo mu gihugu hagati koba ari agashimwe kaho yisubiyeko?
-Ubwo si umugambi wo guhisha ku mutima,akazokwigaragaza uyundi musi?

*****Ukuramba kuzobereka vyinshi….

Sources : Ukuri kw’Ibinyegezwa

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments