Umwe mu bakunzi ba UBM News atashimye ko tumuvuga amazina yiwe, yatwandikiye adusaba ko twogira ico tumubwira kubijanye no kwinisha, murino nkuru twakoreye ubushakashatsi twifashishije Internet, turagaruka kungaruka mbi ziterwa no kwikinisha.
Icitonderwa : Ino nkuru ntiwemerewe kuyisoma utarengeje imyaka 18
1 ) Ashuhirwa buri kanya bitewe n’utuntu tutunvikana
2) Ubushakashatsi bwakozwe n’abahinga muvy’urukundo, bwerekanye ko mu barwayi 1000 b’igituntu 414 muri bo bagitewe no kwikinisha.
3) Uwikinisha agera ku rwego rwo kuba yo kwikorana imibonano mpuzabitisna n’uwobagihuje kuko aba atinya ikindi gitsina
4) Umubiri wuwikinisha ntiwihanganira izindi ndwara ( Akenshi ashobora kwandura indwara zitandukanye )
Kwikinisha ni igikorwa kitari ciza gikunze gukorwa n’urwaruka canke bamwe mu bakuze yaba abagabo canke abagore. Ababikora ubwabo bemeza yuko bigabanya ubushuhe bw’imibonano mpuzabitsina ariko ingaruka zo kwikinisha ni nyishi cane.
Nk’uko ino nkuru tuyikesha nikinyamakuru gikorera kuri Internet ” aufeminin.com, ingaruka zo kwikinisha ni nyinshi cane. Murizo tukaba twovuga nko kwonona umurongo utwara amaraso mu gitsina, kugabanuka kw’amasohoro bikaba vyotera amavya gukoresha inguvu zidasanzwe mu kongera kuzuza udusaho tw’intanga gusa, intanga zikozwe muri ubwo buryo zikaba ziza ari nke kandi zitari ubwoko bwiza akenshi akaba ari vyo bitera ubugumba ( umuntu kutavyara )
Ubushakashatsi bwakozwe bwasanze ko umuntu ukunda kwikinisha akenshi agera naho atinya igitsina gore nimba ari igitsina gabo, yaba ari igitsina gore agatinya abagabo bityo ugasanga yikundira gukora imibonano mpuzabitsina nuwo bahuje igitsina. Kwikinisha bitera kandi imikorere y’ivyiyumvo vy’igitsina idasanzwe bimwe bita mu ririmi rwicongereza ( sexual hypersensitivity ) , ku buryo umuntu ukunda kwikinisha agera aho ashukwa buri kanya n’aho bitari ngombwa, akarorero nk’igitsina giciye kumpuzu, yitegereje amashusho afitaniye isano n’imibonano mpuzabitsina, avuganye numugenzi wiwe kuri telefoni canke hari ivyo yiyunviriye bijanye na vyo.
Kwikinisha kandi bitera kugabanuka kw’umunezero mu gihe c’imibonano mpuzabitsina hagati y’umugore n’umugabo, bikagabanya inguvu z’imikorere y’ubwonko umuntu agatangura kwibagira bidasanzwe.
UBM News turahanura abantu bose boba bikinisha ko bobiheba kuko ingaruka zavyo murunva ko atari nziza ikindi naco nuko kwikinisha bishobora kukuviramwo ingaruka mbi yo kutavyara.
Recent Comments