Willy NYAMITWE yasohoye isanamu yerekana ukwo amerewe inyuma y’ukuraswa

0

Iminsi iharurwa muri itandatu niyo iheze Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahatswe kugandagurwa. Mw’isanamu yasohoye abicishije ku muhora ngurukanabumenyi wiwe wa Twitter, Willy NYAMITWE yabonetse atarakira ku kuboko aho bamurashe, akaba yashimiye abamugarukiyeko, n’abamukeje ko yasimvye urupfu.

life

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahatswe kugandagurwa n’abantu bamurashe ageze hafi yo ku rugo iwe i Bujumbura, mu Kajaga.

Nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano bakorera hafi y’aho ico gitero cabereye, Willy NYAMITWE yatewe avuye ku mirimo mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’ inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Abatanze ayo makuru bakavuga ko umwe mu bamucungerera umutekano wa Willy NYAMITWE yaciye acikana, uwundi arakomereka cane. Willy Nyamitwe bivugwa ko yoba yakomerekejwe ku kuboko n’urusasu, akaba yaciye ajanwa kwa muganga, ku bitaro KIRA HOSPITAL biri mu gisagara ca Bujumbura.