Willy Nyamitwe ngo :<< Pie Ntavyohanyuma na Gervais Rufyikiri ntibahunze bari iwabo>>

0

Willy Nyamitwe asanzwe avugira umukuru w’igihugu , yamenyesheje ku musi w’ejo mu bubirigi  aho yariko atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru ko ibishikirizwa n’umukuru w’Inama nshingamateka hamwe n’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu ko ari ububeshi gusa.

Nyamitwe-à-la-conference-de-réouverture

Uwo muvugizi w’Umukuru w’igihugu yabandanije amenyesha ko umuntu afise ubwenegihugu (Nationaly) bubiri kwatovuga ko yahunze mu gihe ari mu kindi gihugu afitiye akabira. Yabandanije amenyesha mu kiganiro yahaye Insamirizi Bujumbura International ko ibikorwa vyose bari bategerezwa gukora muri leta ya Bujumbura biheraheza ikiringo c’iyo leta ko caheze arico gituma batari bakwiye kuvuga ko bahunze.

Nyamitwe ntiyaretse kumenyesha ko n’amategeko yose y’Uburundi yo muri ino misi yanyuma, hamwe n’inama nshikiranganji  yanyuma yo muri kino kiringo ko bayigiyemwo ubwo ngo rero ntibasubire kubesha ko bahunze.