Wema Sepetu yagize ubugeni na Luis Munana

0

Nyuma yo gutandukana na Diamond Platnumz basangiye akabisi n’agahiye, Wema Sepetu yashakanye n’umunya Namibia yitwa Luis Munana yigeze guhagararira ico gihugu muri Big Brother Africa ndetse bompi bakaba bamaranye igihe kirenga amezi ane bari mu rukundo.

wema na luis munana

Nkuko bitangazwa na Africacelebritynews
,
Miss Tanzania 2007, Wema Sepetu na Luis Munana bashize hanze ifoto bari mu bihe vyiza, bamwe bavuga ko barimwo gukina film, ariko Luis Munana atangaza ko bompi bari mu rukundo ndetse bakaba baranagize ubugeni mu minsi mike iheze.
Wema Sepetu yahoze akundana n’icamamare Diamond Platnumz wo muri Tanzania, nyuma yo gutandukana, buri umwe yishakiye uwundi mukunzi. Diamond yahise afatana na Zari Hassan wo muri Uganda ndetse baherutse kwibaruka umwana wabo wa mbere. Wema Sepetu nawe yanse kuguma wenyene, kuri ubu akaba yamaze kwibonera uwundi mukunzi umuhoza amarira.
ubugeni bwa wema sepetu
Tworangiza tubamenyesha ko Wema Sepetu na Luis Munana baherutse kugira ubukwe