Vuba ngo Ebola irashobora gushika mu Burundi.

0

Umuhinga ajejwe nokuraba ibijanye n’ivyibirere aramenyesha ko ikiza ca Ebora gishobora gutera mu Burundi ngo kuko ico kiza gitegwa ahanini n’ibinyabuzima bisanzwe bigendera mu kirere, ivyo navyo ngo sibindi n’inyoni zo zisanzwe zidafise imbibe, ngo kuko ntawotungira inyoni ngwayishire munzu.

ebora

Akaba yabandanyije atubwira yuko Ibihugu Ebola imaze gushikamwo ko yisasira inganda ngo ihitana abantu batari bake ngo kuko ku musegonda umwe ishobora guhitana igihumbi c’abantu.

Akaba yatanze uturorero tw’Ibihugu icokiza caciyemwo kigahitana abantu batari bake ivyo navyo akaba ari: Guinee Liberia ngo hamwe na Sirra Leone.

Twobamenyeshako Ebola hoba hari hamaze iminsi mike cane bivugwa ko yoba yaramaze kwiyerekana mu Gihugu kibanyi ca Tanzanie.