Vitaly Churkin, Uwaserukira Uburusiya muri ONU, yaraye apfuye Giturumbuka.

0

Vitaly Churkin, yari amaze igihe aserukira Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yapfuye ejo ku mugoroba kuwa mbere giturumbuka ku musi wa mbere i New York, umusi umwe imbere yuko yari kuba yashikanye imyaka65 y’amavuka.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya bwamenyesheje amakuru yerekeye urupfu rwa Churkin mw’itangazo. Nta vyinshi ubwo bushikiranganji bwatangaje ku bijanye n’urupfu rwiwe.

Bagenziwe baserukira ibihugu vyabo mw’ishirahamwe ONU, barerekanye buno nyene ko baguye mu gahundwe kandi babajwe n’urupfu rwiwe rwabaye giturumbuka.

Vitaly Churkin, yapfuye ejo giturumbuka.

Vitaly Churkin ,yavukiye ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou, kw’italiki 21 z’ukwezi kwa kabiri, umwaka w’i 1952.

Yatanguye gukora mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire mu mwaka w’i 1974.

Yabaye Ambasaderi w’Uburusiya mw’ishirahamwe ONU, kuva mu mwaka w’i 2006. Yari yubashwe na bagenziwe, n’abaserukira amareta atacana uwaka n’Uburusiya.

Ivyo bishitse ukwo mu gihe Uburusiya kandi bwaheruka gushikirwa n’ikindi cago aho indege yarimwo abantu barenga 90 bapfiriye rimwe kubera indege yakorokeye mu Kiyaga mu gihe yariko yerekeza muri Syria.