Friday, October 7, 2022
HomeNewsVital Nshimirimana Yagenywe Kuba Umwe Mu Bagize Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI

Vital Nshimirimana Yagenywe Kuba Umwe Mu Bagize Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI

Vital NSHIMIRIMANA, uwafashwe n’ubutegetsi bw’I Bujumbura ko yagize uruhara rudasanzwe mu kurwanya ikind kiringo ca Pierre Nkurunziza, aherutse kuronka amabanga adasanzwe aho yabaye umwe mu bagize Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ariyo CPI( Cour Pénale Internationale canke International Criminal Court ICC mu Congereza).

Ku bwa Vital Nshimirimana, ukwo kugenwa muri ayo mabanga ni intambwe ihambaye ku bw’ubutungane ku gutohoza ku mabi yakozwe mu Burundi. Abandanya avuga ko iryo genwa ryiwe ryerekana ko ubutungane mpuzamakungu bwajijutse ko butegerezwa gukora kugira buhagarike amabi akorwa na canecane mu Burundi aho ubutungane bw’Uburundi bukoreshwa mu gucinyiza abanyagihugu.

Vital Nshimirimana arizeye ko bivanye nivyo yaciyemwo hamwe nutwigoro bazokorana nabandi muri CPI, amabi yakozwe mu Burundi azohanwa.

Vital Nshimirimana

Vital Nshimirimana abaye umurundi wa kabiri mu ba avocats b’abarundi kwemererwa gukorera muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha inyuma ya Lambert Nigarura.

Amatohoza yibanze ku mabi yakozwe mu Burundi kuva muri Ndamukiza 2015 yaramaze kwugururwa niyo Sentare kuva mu mwaka wa 2016, kandi ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa CPI biramaze kuronka ama dossiers menshi amajana ku bijanye n’amabi akorwa mu Burundi.

Igihugu c’Uburundi kikaba kimaze kumenyesha ku mugaragaro ko cavuye mwiyo Sentare Mpuzamakungu CPI;ibindi bihugu vya Afrika nka Afrika y’Epfo, Kenya,… bikaba navyo nyene vyiyumvira kuva muri yo sentare kubera ko Ibihugu vyinshi vya Afrika bivuga ko iyo senatare icira imanza zikabije cane abantu batuye ku mugabane wa Afrika gusa.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....