Uyu niwo muduga bwite wa BLACK ARTHUR canke AKAGA VIDEOZ agenderamwo mu gihugu ca Kenya

0

Bamwita Black Arthur, umuhinyanyuzi w’ amasanamu y’ indirimbo mu Burundi yakoreye munzu ihinyanyura amashusho AKAGA VIDEOS kugeza ubu araca barizwa mu gihugu ca KENYA nkuko twabibashikirije.

IMG-20150724-WA0069

Mu kiganiro Black Arthur yahaye UBM News amenyesha y’ uko ameze neza mu gihugu kibanyi ca Kenya, ndetse akaba anaheruka kwugurura Inzu ihinyanyura amashusho nshasha yitwa BLACK SWAGGER VIDEOS, kubwiwe ngo arashima Imana kuba ubuzima butigeze bumukomerera cane muri ico gihugu kibanyi, akongera anyomoza ibihuha vyavuga y’ uko ubuzima bwabaye ndanse muri ico gihugu.

IMG-20150724-WA0068

Uyo muduga mubona ukaba ari uwa Black Arthur bwite agenderamwo. Iyo ikaba ari intambwe idasanzwe ku muhinyanyuzi Black Arthur.