UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Hamenyekanye uwuzoba umukuru w’igihugu murano matora twimirije yi 2015, soma ngaha wumve

UBM News ads

Mu gihe dusigaje amezi 2 yonyene gusa kugirango abarundi bose binjire mu gikorwa kidasanzwe co kwitorera umukuru w’igihugu, abenshi bakomeje kwibaza vyinshi , bamwe bati : Ninde azohabwa amahirwe n’abanyagihugu kugirango arongore igihugu c’uburundi ?

Burundi-Politician-''-UBM-News

Nyakubahwa umukuru wigihugu cu Burundi ” Petero Nkurunziza ” ati : Sinshobora guhemukira umugambwe, niyo banyizera bakandungika kwitoza ngo mbaserukire nzogenda ” Mwibuke ko niyo yagirirwa ubuntu akaja mu mahiganwa y’umukuru w’igihugu yo 2015 ko azoba arenze ku mategeko yi Arusha, kuko atemerewe kurenza ibiringo 2 vyo kuba umukuru w’igihugu cu Burundi.

M’ubushakashatsi twakoze, twasanze bano banyepolitike ” Agathon Rwasa, Alexis Sinduhije, Petero Nkurunziza hamwe na Leonce Ngendakumana bafise abanyagihugu benshi babashigikiye mu Burundi bityo rero tukaba tubashira imbere cane ko bagiriwe ubuntu yuko bashobora guhabwa amahirwe yo kwitoza kugirango barongore u Burundi.

Abanyagihugu bamwe bati : Dukeneye umuntu azozana ihinduka mu Burundi, akarenganyo kaveho, bamwe bareke gupfungwa bahora ubusa, dukeneye abazodukura muri buno bukene turimwo, abana bacu baje mu mashure, abari mu migambwe itandukanye bose bidegemvye bareke guhohoterwa , mu Burundi habeho Democracy ikwiye, dukeneye kandi umuntu akunda abanyagihugu biwe, akora kubw’abanyagihugu siyo kunyungu ziwe .” ivyo nivyo bamwe mu banyagihugu bipfuza.

Ikibazo : Ese hagati yaba banyepolitike ( Agathon Rwasa, Alexis Sinduhije, Petero Nkurunziza hamwe na Leonce Ngendakumana ) ninde ubona ko ashoboye kuzoshitsa ivyo abanyagihugu bipfuza ? Ninde wewe kubwawe ubona ko yarakwiye kuba umukuru w’igihugu c’uburundi mu 2015 ? ” Mwandike muri ” Comment ” yawe, bishobotse wongere uvuge n’impanvu wibaza ko harico yohindura arinze aba umukuru w’igihugu cu Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments