Uwutazosubiza ikigwanisho kuneza azogisubiza KUNGUVU.

0

Ngo uwutazosubiza ikigwanisho kuneza azogisubiza kunguvu ivyo bivugwa na Alain Guillaume BUNYONI ngo ntamunyagihugu yemerewe gutunga ikigwanisho, ngo uwemerewe kugitunga n’umupolisi hamwe n’umusirikare wigihugu.

1

Ariko tuvyihweje neza twoca twibaza ibibazo bikurikira:

  1. Mbega abantu birigwa baratorwa hirya nino boba bicwa nabande?
  2. Ko Alain Guillaume BUNYONI avuga ko umutekano uhari 99/100 abarara barasa boba ari bande?
  3. Mbega ibiziga vyirigwa biratorwa hirya nino kandi dusanga vyarashwe biraswa nabande vyoba vyirasa?

    Tworangiza tubamenyesha yuko iryo jambo ryogusubiza ibigwanisho batarihujijeko na Audifax NDABITOREYE asanzwe arongoye IMBONO CHARISMA kuko yashoboye kumenyesha yuko nyabuna uwoba atunze ikigwanisho ko yokigumya kugira azokwikingire mu minsi iza ngo kuko Politike yokwica abatavuga rumwe na Reta iza yaratanguye kuva kera.