UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uwuserukira uburundi muri Afrika y’epfo arahakana amakuru avuga ko hari abarundi barenga 90 bapfunzwe ndetse ko hari n’abamaze gupfira mu busho.

Ambasaderi Alexis Bukuru aserukira uburundi mu gihugu ca Afrika y’epfo arahakana amakuru yatanzwe n’ishirahamwe ONLTC ryishinzwe kurwanya urudandazwa rw’abantu n’ubwimukira buciye mu binywabi. ONLTC yamenyesheje ko hari abarundi barenga 90 bapfungiwe mu busho bwo mu gihugu ca Afrika y’epfo ko ndetse hari n’abagera kuri 3 bahapfiriye bishwe n’inzara. Alexis Bukuru agasigura ko yishikiye mu bibanza ishirahamwe ONLTC rivuga bapfungiwemwo ariko asanga ata murundi numwe ahapfungiwe ndetse ngo nta n’umwe yapfiriye mu gasho kuko ngo bari kuba babizi biciye ku rupapuro ubwo buserukizi butanga ku murundi aba yapfuye kugira afubwe.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa X, Ambasaderi Alexis Bukuru yanditse ejo agira ati :«Aho tuboneye inkuru Prime Mbarubukeye (ONLTC) avuga ko hari abarundi 90 bapfungiwe muri Afrika y’epfo na 3 bishwe n’inzara, twagiye mu bibanza avuga dusanga nta murundi ahapfungiwe. Nta murundi apfa ngo ntitubimenye kandi hariho urupapuro dutanga kugira afubwe»

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Prime Mbarubukeye ONLTC inyuma y’ico gitigiri c’abo barundi bapfungiwe mu gisagara ca Pretoria, yongeyeko avuga ko ishirahamwe arongoye ryamenye ko hariho abarundi bamaze kurwa muri ayo mabohero kubera ukubaho nabi no kubura ico bafungura.

Ubuheruka, Ubuserukizi bw’uburundi mu gihugu ca Afrika y’epfo bwarasohoye itangazo rivuga ko ibitigiri vy’abarundi baba mw’ico gihugu bapfunzwe vyabaye umurengera ko kandi biguma biduga. Ubwo buserukizi bwasiguye ko bamwe mu bafatwa bagirizwa kuba mw’ico gihugu ata burenganzira babifitiye hamwe rero n’abagirizwa kurenga ikiringo ntarengwa bahawe co kugaruka ku butaka bwa Afrika y’epfo. Bwarongeyeko kandi ko hariho n’abafashwe barapfungwa bagirizwa ibindi vyaha nk’ubusuma, ugufata ku nguvu abakenyezi n’ibindi,…

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments