UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uwurongoye kaminuza y’uburundi avunira akagohe abanyeshure 28 b’abaganga baheruka kuja muri ‘stage’ mu bufaransa ko hamwe batagarutse batazohabwa ama diporome.

Abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi mu gisata c’ubuganga bagera kuri 28 bariko bandika ibitabo muvyo kuminuza bita ‘spĂ©cialitĂ©’ baragiye mu ndwi iheze mu gihugu c’ubufaransa mu bikorwa vyo kwimenyereza bita ‘stage’mu rurimi rw’igifaransa. Uwurongoye Kaminuza y’uburundi akaba avunira akagohe abo banyeshure ko hamwe bohitamwo kutagaruka mu gihugu kugira barangize ibikorwa vyabo vyo kwandika igitabo, ko batazohabwa impamyabushobozi zabo ni mu gihe bitegekanijwe ko bazosomera ibitabo vyabo muri kaminuza y’uburundi niyo bava mu bufaransa.

Mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru IKIRIHO, Audace Manirabona arongoye kaminuza y’uburundi ariko abazwa nyimba abo banyeshure bashobora kutazogaruka mu gihugu nkuko abatari bake bamaze imisi babikora iyo bagiye muri bimwe mu bihugu vya buraya mu ngendo z’akazi canke bagiye kwiga bahitamwo kutasubira mu Burundi, yishuye uku:«… Ndazi neza ko bazogaruka , kubera impamyabushobozi zabo zizotangirwa mu Burundi. Uwutazotahuka ntazohabwa iyo mpamyabushobozi»

Tubamenyeshe ko hamaze igihe hibonekeza umurindi w’abaganga bata ubuzi baja gukorera mu bindi bihugu harimwo n’igihugu c’ubufaransa hamwe n’igihugu kibanyi c’urwanda. Imvo zibituma ngo ni umushahara w’intica ntikize bahembwa. Leta y’uburundi ikaba iheruka kumenyesha koi co kibazo ikizi ko ndetse iriko icicarira kugira izo ncabwenge ntizisubire igihugu cabibarutse ndetse kikanabigisha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments