Uwundi yahunze atinya kugandagurwa n’uwahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura

0

Giswaswa

Evrard Giswaswa yahoze iri umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaraye ahunganye umuryango wiwe nawe nyene yereka ubworo bw’ikirenge igihugu c’Uburundi. Ivyo akaba abikoze inyuma yaho abandi batari bake nabo nyene bahungiye igihugu cabo c’amavukiro kubera ugutinya kugandagurwa.

Mwomenya ko uno mushingantahe Evrad Giswaswa ari mu  bangumyabanga ba CNDD FDD basa nabatemera ikiringo ca gatatu ca Pr. Petero Nkurunziza, akaba kandi ari umwe mu bagumyabanga bafashwe bagirizwa ikoreshwa nabi ry’ubutunzi bw’ibisata bari bajejwe muri Leta.

Aho yahungiye tuzobandanya tuhabatohoreza.