UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uwuburanira Hussein Radjabu avuga ko azokwama avuga ko yanyurujwe mu gihe Leta itaravuga iyari.

UBM News ads

Prosper habarugira aburanira Hussein Radjabu aramenyesha ko gushika igihugu c’Uburundi kivuze iyo ari azoguma avuga ko uwo mushingantahe yanyurujwe. Ivyo akabivuga yisunze ko yasavye ko yotezurirwa kuva kera baramwankira, eka ngo baranasavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yomugirira ikigongwe kimwe atanga kuri bose(Grace Presidentiel) ariko akaba taco yabivuzeko. Eka akaba yanavze ko banaravye uko yagomvye kugirirwa nabi kenshi iyo ari mu mpimba ngo nta nkeka bashobora kuba bamaze kumunyuruza.

hussein2

Amakuru ava mu mpimba avuga ko bamenye ko yashoboye kumenya ko yatorotse isaha zitatu z’igitondo z’igitondo. Nayo kuri uno musi nyene wa 2 ntwarante mu gatondo umwe mu bagenzi ba Hussein Radjabu akaba yashoboye gusakwa muhira iwe ariko akaba ataco batoye mu nzu iwe uwo nawe akaba ari Leopard Habarugira.

hussein

Abanyagihugu batandukanye bakaba babandanya kugira ico bavuze kuvuze kuri ico gikorwa cakoretse aho bamwe bamenyesha umukuru w’igihugu ko adakwiye kuraba hirya ngo uwo basangiye urugamba agende amazimayongo, abandi bakamenyesha ko yari yaratevye kuko bamurenganije, abandi bakamwitiranya n’uwakinye isanamu Prison Break kuko ngo yatorotse iryo bohero.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments