Uwoba afise ikigwanisho nakibike kugira azokwikingire.

0

Mu gihe abajejwe umutekano batanze ikiringo kitarenze ukwezi kumwe gusa ngo buri munyagihugu wese yoba gushika n’ubu agitunze ikigwanisho atagifitiye uruhusha ngo agisubize, Audifax NDABITOREYE we siko abibona, ahubwo asaba ko umunyagihugu yoba yarahiriwe akaronka ikigwanisho koyokigumya ngo kugira yikingire umutekano wiwe.

audifax

Nkuko yashoboye kubivugira kwi Radio y’Inzamba yashoboye kuvuga y’uko ibi bihe bigoye kuko ngo aba bapolisi baguma bavuga ko uwoba atunze ikigwanisho ko yogisubiza ngo ahubwo abo aribo baca baza kubabuzagiza amahoro kandi aribo bari kubakingira kugira bibere mu mutekano ntangere, ngo rero nibikingire bagumye ivyo bigwanisho vyabo bafise ngo kubona uraswa n’uwarajejwe kugucungerera umutekano ngo nakamaramara kadafise uko kavugwa.

Akaba yarangije asaba ko uwoba wese afise ikigwanisho ko yokibika neza kugira azokwikingire umunsi azoza gutegwa nuwariwe wese.