Uweretse abarundi program ya ” GLOBUS VPN ” ngo basubire gukoresha Whatsapp yarafashwe atahutse mu Burundi

0

Uweretse abarundi Application GLOBUS VPN kugira basubire bakoreshe imihora ya Whatsapp na Facebook ngo yafashwe, uwo nawe s’uyundi ni Jean-Pierre Niyongabo asanzwe ari umunyeshure w’umurundi asanzwe aba akongera akiga mu buhindi.

Uno musore akaba yafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura aho yatarahutse inyuma y’imyaka itatu y’ivyirwa, akaba yabanje kwakwa inyabwoko(Computer) yiwe hamwe n’agahamagazo(Telephone) imbere yuko amenya ko yahagaritswe, aho hakaba hari igenekerezo rya 5/6 nkuko bivurwa na Pacifique ninahazwe.

Inyendamuvano ngo n’ikiyago yagiranye na Patient Bgirimana uwundi musore asanzwe aba mu buhindi ariko we ngo akazi kiwe nako gucunga urundi rwaruka rubayo kandi akaba akorera ibiro vy’iperereza mu Burundi. Uwo akaba ari nawe yamufatishije nkuko biboneka ku mashusho yafotowe mu Group ya Whatsapp bariko baganiriramwo.

Mu vyo bamwagiriza Jean Pierre Niyongabo ngo harimwo n’ukuba yarateguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Pr. Petero nkurunziza mu buhindi naho atayigeze ihaba nkuko bibandanya bivurwa na Pacifique ninahazwe. ikindi yagirizwa ngo n’ukugira LIKE kuri Page ya Facebook ya General Godefroid Niyombare.

Ubu muri kino gihe uwo musore akaba abarizwa mwibohero rikuru rya Mpimba inyuma y’imisi itari mike ari mw’ibohero ry’ibiro vy’iperereza.

Raba aho musi ama foto y’ivyo biganiro bagiranye kuri Whatapp

11137140_1450039295314512_4838116167236044829_n 11230780_1450039358647839_281233733118656211_n 11542046_1450039515314490_7688163918055075427_n