Inyuma yaho mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bamuhagarikiye ivy’imfatakibanza mu mugambwe, Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi yirukanywe Burundu muri uyo mugambwe.
Umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye akaba yafatiwe iyo ngingo n’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Leonce Ngendakumana, aca abishikiriza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Leonce Ngendakumana akaba yagiriza uwo yahoze arongoye Uburundi ndetse yari yaserukiye n’umugambwe FRODEBU mu matora yo mu mwaka w’2010, kuba ariko aryanisha abanyamugambwe, no gushinga inzego zibangabanganye. Domisiyano Ndayizeye akaba yagirizwa ko amaze iminsi agirisha amanama mu kinyegero, ndetse mu mugambwe bakaba baranamuhamagaye kugira yisigure ariko ararahira.
Mu gihe hari amakuru avuga ko Domisiyano Ndayizeye yoba azize ko ariko arahuza abagize umugambwe FRODEBU na FRODEBU Nyakuri urongowe na muganga Minani Yohani, Leonce Ngendakumana avuga ko ivyo bifise iyindi nzira vyariko birigirwamwo, ahubwo akavuga nyabuna ko umukenguzamateka Ndayizeye yari yamaze n’ugushinga inzego mu ntara za Gitega, Kayanza n’igisagara ca Bujumbura.
Recent Comments