Umukoziwimana wumu Pastori ( Timothy Ngwu ) afise imyaka 53 yamavuko ava mu gihugu ca Nigeria , nyuma yo gutera inda abagore hamwe n’abakobwa 20 bose basengera mwishengero arongoye, we ubwiwe yavuze icabumuteye ndetse yemeza ko yabitumwe n’Imana.
Nkuko ano makuru yemezwa n’ikinyamakuru kimwe gikorera muri Nigeria ( Vanguard News ) , bo bavuga yuko kugeza ubu uno mupastori aza yamaze gufatwa n’inzego zumutekano ndetse ngwakaba akurikiranweko nicaha go guhohotera hamwe nogusinzikariza ubuzima bwabakirisu arongoye.
Umuvugizi w’igipolisi azwi kwizina rya ” Ebere Amaraizu ” nkuko yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi hamwe nabamenyeshamakuru, we yagize ati : “Uyu mupasitori yatubariye ko ivyo yakora kwaba ari ukwumvira ijwi ry’Imana kuko ngwaba bose yabateye inda ari Imana ibimutumye ikindi naco ngo nuko iyo umuvyeyi avyaye, umwana hamwe nawe bose baguma muriryo shengero ryuwo mugabo ubuzima bwabo bwose.
uyu muvugabutumwa nuwo agira 3, hano yarari kumwe n’abagore biwe 2 hamwe na murumuna we
Kugeza ubu, abenshi bavuga ko uno mupasitori ari mubataye umurongo ndetse ahubwo ko yarakwiye gusengerwa ndetse abenshi bakaba babandanya kwibaza ukuntu Imana yoshobora gutegeka umupastori asanzwe afise umugore wiwe nrwararane n’abandi bakobwa , naburya mu mategeko yo yatanze isanzwe yarabujije gukora icaha cubusambanyi ariko igitangaje cane uno mubapasitori we akaba yitwaje izina ry’Imana avuga ko ariyo yamutumye.
Recent Comments