Sentare nkuru y’igisagara ca BUJUMBURA yafashe ingingo yo kugumiza mu mvuto umumenyeshamakuru Bob RUGURIKA ngw’impanvu ya vyose ngo nikubera ngwashobora kubandanya imibonano n’abagandaguye b’ababikira b’Abatariyanokazi.
Lambert NIGARURA, umwe mubaharanira Bob RUGURIKA arongoye iradiyo RPA avuga ko batanganjwe n’iyo ngingo. Kubwiwe ngw’ivyo vyerekana ko ubutungane butigenga.
Mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu BURUNDI bariyamiriza iyo ngingo.Nk’uko bivugwa na Alexandre Niyungeko asanzwe arongoye ishirahamwe UBJ. Ku bwiwe, ubutungane bw’Uburundi bwerekanye abo buriko burakorera, akabona ko ndetse ubutungane mu Burundi bukiri kure nk’ukwezi. Avuga ko batagiye gucika inkokora, ko bazoguma bakora, uko bashoboye kugira ukuri kubishe ababikira Olga, Lucia na Benadette bamenyekane, n’ubutungane bubakurikirane
Recent Comments