USA: Umuririmvyi ” MAREMBO ” yasohoye video ikozwe mu buryo budasanzwe ” Raba hano

0

Umuririmvyi w’umurundi aba muri America biboneka ko akunzwe cane ” Marembo ‘ video yiwe nshasha aheruka gushira ahabona , ibandanya ikundwa n’abantu benshi cane ndetse kubwuno muririmvyi ngwakaba abibona nkigitangaro kuko ngwatari yiteze ko izokwakirwa nkuko.

marembo

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBM News, uno muririmvyi yavuze ko impamvu yari yaratevye gusohora video koyariko aritegura neza kugira ngwaze ngwasohore video itomoye neza .

Marembo yagize ati : bukebuke bushikana umusiba kumugezi kandi uwitonze amira ibinoze , And this was really for my fans ( iyi nayikoreye abafana banje ) Nagomvye ndabashimire kumpa support ( ubufasha ) hamwe nogukunda umuziki wanje.

marembo music

Uno muririmvyi yashimiye aba fans biwe bose muri ruusangi kukungene bakiriye ino video yiwe nshasha yahaye izina rya ” Nfura ya Mama ”, we agira ati : I am just so thankful and that they loved what I gave to them as an appreciation., Barashimishije cane to be honest. Vyatumye niyumvira kugira video z’indirimbo zose ziri inyuma, They’ve been here with kuva kundirimbo yambere, nurukundo ninguvu bampa.

UBM News tubibutse ko uno muririmvyi ariko arakora neza cane kandi hakaba hari n’amakuru dufise ko yoba ari mumigambi yogukorana amasezereno nishirahamwe rya ( Burundi360 ) mu rwego rwo kumufasha guteza imbere umuziki wiwe.

[youtube id=”AN-Zv9jAjMw” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]