Umuririmvyi w’umurundi aba hano muri Leta zunze ubumwe za America abandanya akora neza cane bimwe bishimishije ” Daddy Face ” muruno mwaka w’2015 azananye ibintu bishasha bidasanzwe aho mu minsi irimbere ngwagiye kuzoshira ahabona indirimbo yiwe nshasha.
Ivyo rero uno muririmvyi akaba yabivuze mu gihe yariko araganira n’Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikunzwe cane gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” aho we yavuze ko indirimbo nshasha ariko arakora izoshikira aba fans biwe mu minsi ya vuba.
Daddy Face Yagize ati : Ubu ndi muri studio ndiko ndakora indirimbo nshasha yitwa Narakwikundiye , umu producer ni lick lick vuba aba fans banje izobashikira.
[youtube id=”HgLGls184WE” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]
Recent Comments