Mu gihe hasigaye igihe gito gusa kugirango igiteramo c’abaririmvyi b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America kigere, Umuririmvyi ariko aravyifatamwo neza cane mumuziki’ Mt Number One ” yatumenyesheje ko afise urutonde rwindirimbo 14 ziri kuri Album azosohora kuruwo munsi w’igiteramo.
Mu kiganiro uno muririmvyi yahaye UBM News, we yatubwiye ko hari Album nshasha yahaye izina rya ” The BEST OF MT NUMBER ONE ), agiye gusohora mu minsi ndetse akaba yanagiriyeho atubwira uko yitegruriye ico giteramo citezwe n’abatari bake.
Mt Number One yagize ati : Igiteramo ndaciteguriye bimwe bihagije kandi nfise nurutonde rw’indirimbo 14 ziri kuri album yitwa THE BEST OF MT NUMBER ONE 2015, ino Album rero nkaba nzoyisohora kuruwo munsi nyene wigiteramo, ikindi naco nokwizeza aba fans banje ko ibintu bizoba bikaze ubwo ntibaze bacikwe.
UBM News reka tubibutse ko Mt Number one ari umwe mubazoteramisha abantu mu giteramo citiriwe ” East African Unit Concert ” ico naco kikaba kizobera hano muri Leta zunze ubumwe za America mugisagara ca Dallas, Texas kwigenekerezo rya 27 kigarama muruno mwaka turimwo wi 2014 ( December 27, 2014 ).
Recent Comments