USA : Abarundi baba muri America ( Dallas, Texas ) bakoze Imyiyerekano‬ ikomeye cane yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza ” Raba hano

0

Kuruno wagatandatu uheze, abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America barakoze imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.

1

Iyo myiyerekano ikaba yabereye hano mugisagara ca Dallas, Texas , nkuko UBM News arico kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri America, uyo munsi twari twahishikiye kugirango tubabere ijisho.

Mugutangura iyo myiyerekano habanje amasengesho, icakurikiye munyuma haciye haririmbwa indirimbo y’igihugu ( Burundi Bwacu ) iyo ndirimbo irangiye, abari bitabiriye iyo myiyerekano baciye batangura igikorwa cari cabajanye co kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu.

2
Alphonse-Marie Kadege, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu nawe niho yarari.

Mubipapuro bari bitwaje, hari hariko ivyandiko bivuga ko mu Burundi hakenewe Democracy, Ko Petero Nkurunziza akwiye kubaha amasezerano ya Arusha hamwe nibwirizwa nshingiro, ikindi naco ngo abarundi bakeneye amahoro.

Muri iyo myiyerekano abari bayitabiriye bafashe akanya ko kwibuka abo bose bayiburiyemwo ababo mu Burundi, bibutse kandi Jean – Nepo umwana w’imyaka 15 hamwe n’umusirikare bose bapfuye barashwe n’abapolisi, mwijambo ryo gusozera bibukije abarundi bose ko bifatanije nabo muri bino bihe bikomeye u Burundi burimwo.

3

UBM News tubibutse ko ino myiyerekano yari yitabiriwe nubwoko bwose( Abahutu hamwe n’abatutsi ) ikindi naco nuko nuwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ” Alphonse-Marie Kadege, nawe nyene yarari muriyo myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza .foto

Raba amafoto yose hano munsi.

5

6

7

8

9

10

11

12

13

14

15

16

17

18

19

21

22

4

23

Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi.