Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsUSA : Abaririmvyi b'abarundi baraye berekanye ko bashoboye muri kino giteramo baheruka...

USA : Abaririmvyi b’abarundi baraye berekanye ko bashoboye muri kino giteramo baheruka gukora

East African Unit Concert

Igiteramo kidasanzwe citiriwe East African Unit Concert giheruka kubera hano muri Leta zunze ubumwe za America ( Dallas, Texas ) caraye kirangiye kuruyu wagatandatu uheze , aho abaririmvyi batandukanye bose bacitabiriye berekanye ubushobozi bwabo.

unit1

Nkuko UBM News arico kinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America , kuruyo munsi twari twahishikiye kugirango tubabere ijisho ndetse nkuko twavyiboneye, abaririmvyi bose baririmvye uwo munsi bakaba barabiciye bigacika kuko berekanye ko bashoboye ndetse uravye n’ukuntu abitabiriye ico giteramo babashigikiye, vyerekana neza ko indirimbo baririmba yuko zikundwa cane.

chonge1

Abaririmvyi bitabiriye ico giteramo ndetse baririmbiye imbere yabafana babo bikaboneka ko bakunzwe cane harimwo ” Mt Number One, Mtoto wa Shangazi, GN, Chonge, Babby, Beez Boyz, Mselah Sela hamwe n’abandi batandukanye tutashoboye kumenya.

UBM News twobibutsa ko ico giteramo yuko cari citabiriwe n’abarundi bari baje bava mubisagara bitandukanye vyaha muri Leta zunze ubumwe za America ndetse abaririmvyi nabo bakaba baranezerejwe n’ukuntu bakiriwe nabafana babo mukubereka ko bakunda indirimbo baririmba.

Kurikirana amafoto yaranze ico iteramo hano munsi , hariho n’ayandi mafoto yafotowe kumunsi ukurikira ico giteramo caraye giheze.

pdk
Umuhinyanyuzi wama Video ” Young PDK ” arikumwe n’umuririmvyi ( Mt Number One )

babby
Umuririmvyi Chonge, hamwe n’umuririmvyi Babby barikumwe numunyamakuru wa UBM News

burundi-starz

Umuririmvyi abenshi bazi kwizina rya ( Mtoto wa Shangazi ), GN uwo yambaye impuzu zera, Umurongozi mukuru wa UBM News uwo yambaye isuti itukura , uwuhereza nawe ni Mt Numer One asanzwe kandi afise na Studio izwi na benshi ya ” Indonyi Record

unit2
Umuririmvyi afise indirimbo zikundwa na benshi ” GN uwo yambaye impuzu zera, arikumwe n’umurongozi mukuru wa UBM News ” Eric Nyandwi

mtoto
Umuririmvyi Mtoto wa Shangazi azwi cane mundirimbo ya Maisha ya Dunia , Kuzaliwa, Dunia Itakufunza hamwe n’izindi nyishi zitandukanye

IMG-20141228-WA0028
Umuririmvyi Mt Number one aka Sekuru w’indonyi arikumwe na Eric Nyandwi umumenyeshamakuru wa UBM News

IMG-20141228-WA0018

IMG-20141228-WA0005
Umuririmvyi GN, yafotowe ifoto arikumwe numu Fans

burundi-starz

Ibirori vyarangiye neza, abaririmvyi bose batahanye umunezero udasanzwe ! Mu minsi iri imbere hano kuri UBM News tuzobereka Video zose twafashe z’ukuntu ibintu vyose vyaganze mu gihe abaririmvyi bariko bararirimba.

Must Read