Urwanda ruri mu bariko batuma Uburundi bubamwo umudurumbanyo

0

President-Paul-Kagame-told-Rwandans-today-ceremony-We-have

Abariko badurumbanya Bujumbura ngo boba baheruka kugirira imyinyerezo mu Rwanda mu makambi atandukanye y’ico gihugu nkuko vyemezwa n’ikinyamakuru Burundi News. Ico kinyamakuru kiranatanga amazina ya bamwe bamwe mu bavurwako muri ukwo kudurmbanya aho hakavurwamwo uwitwa Claude, Vianney, Karateka, Desire, Sagahutu abo ngo bakaba babikorera ku musaga no mu gikoto.

Nkuko ayo makuru abandanya abivuga ngo iyo misore iyo yaca ku mbibe z’igihugu ntizasakwa mu gihe abandi babasaba cane. Abanyarwanda bamwe bamwe bakaba ngo baranemereye ico kinyamakuru ko biboneye ayo makambi babatorezamwo.

Ayo makuru abadanya avuga ko iyo myitozo yakorwa n’urwaruka ruri mu bwoko bw’abatutsi baje baa i Burundi. Ico gikorwa ca Kigali c’ugutera umudugararo w’igihugu c’Uburundi kikaba ngo gishigikiwe n’igihugu c’Ububirigi.

Muri uwo mugambi Kigali ngw’ikoresha intwazangabo mu gisoda hamwe n’abarwizatunga batandukanye. Ikaba kandi yarisanzwe ikoresha abakozi b’abanyarwanda bakorera I Burundi aho ni nk’umu Directeur General w’umunyarwanda akorera ishirahamwe Leo Burundi yahora yumviriza ama telephone y’abantu batandukanye baba bashakwa kwumvirizwa na Kigali.

Kubw’ico kinyamakuru ngo abakozi b’iperereza b’igihugu c’Urwanda bakaba bari bamaze kuboneka cane muri ico gihugu aho ni nko mu majepfo y’igihugu mu ntara ya Makamba.