Urutonde rw’abategurwa kwicwa na CNDD FDD rwamaze kumenyekana, soma vyinshi ngaha

0

imbonerakure
Umugambi wo kwica abatemera ikiringo ca gatatu ca Pr.Petero Nkurunziza ngo wari wateguwe kuva kera nkuko bishikirizwa n’umushingamateka Moise Bucumi asanzwe ari no mu nama nshingamateka ya afrika isasa muri afrika y’epfo.

Uwo mushingamateka MOISE Bucumi muri kino gihe iyari muri afrika y’epfo mu buhungiro, amenyesha ko igitigiri c’abazokwicwa muri ino ntambara ihuza impande zibiri ari kinini uravye abamaze kwicwa n’uko vyateguwe. Bucumi akavuga ko abazokwicwa ari abanyamugambwe ba CNDD FDD badashigikiye ico kiringo, abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abadaharanira inyungu za politique, eka nawe nyene ngw’atishize inyuma ngo kubera nawe yahunze batanguye kumurondera. Aho akaba avugamwo abanyecubahiro bamwe bamwe nk’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nawe ngo ari muyabira. Abo bose ngo aho bari nimba bari mu burundi bamenye ko bari ku rutonde rw’abazicwa.

Uwo mushingamateka MOISE Bucumi aramenyesha ko uburyo bateguye gutsinda amatora ya 2015 bibabaje kuko bateguye inkoho zine kw’ikomine irimwo abatemera ico kiringo bakeya, nayo ama komine arimwo benshi ngo batanze inkoho 20 ku mbonerakure z’iyo komine, kugira batere ubwoba abo bose bose batabashigikiye.ikitokwirengagizwa coco ngo n’abaciye mw’ishamba badashigikiye ico kiringo kuko bo ngo bazocishwa ku buhomba.

Uwo mushingamateka yanamenyesheje ko ikibazo c’ukwaka ibirwanisho urwo rwaruka bitogorana kuko yemeza ko bafise amazina n’ibitigiri vy’iyo misore y’imbonerakure naho we atavyo yahawe muga yamenye kuva kera ivyariko birategurwa ariko agatinya kubivuga kugira umuryango wiwe nawe ntibahave bagandagurwa.

Mwomenya ko uyo mushingamateka yahunze umusi ava mu rugendo rw’akazi muri afrika y’epfo agasanga yugarijwe n’aba police muhira, ariko ngo bakaba batamubonye ari naco catumye bimworohera guhunga igihugu agasubira muri afrika y’epfo.