Urupapuro rw’inzira CEPGL rwavuye ku 2500 ruja ku 18000 vy’amarundi.

0

Urupapuro rw’inzira CEPGL rusanzwe rutanga uburenganzira bwo kwinjira mu bihugu 3 Urwanda,Uburundi na Républica iharanira Démocratie ya Congo rwavuye ku mafaranga ibihumbi bibiri n’amajana atanu ruja ku mafaranga ibihumbi cumi n’umunani.
cepgl
Urwo rupapuro rukaba rwahora rumara amezi atandatu ariko ubu rukaba ruzomara umwaka wose nkuko amakuru ikinyamakuru canyu ubmnews.com dukesha uwusanzwe atwara PAFE.
c
Twobamenyesha ko iyo ngingo abanyagihugu batayakiriye neza kuko bavuga ko ayo mahera badugije ari menshi cane kandi ubuzima muri ki gihe butoroshe.