Monday, September 26, 2022
HomeNewsUrunani CNARED ruramutswa abarongozi bashasha

Urunani CNARED ruramutswa abarongozi bashasha

Charles NDITIJE arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu niwe yatowe ngo arongore urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED .

Amatora yabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017, mu gihugu c’Ububiligi. Charles NDITIJE yatowe ku majwi 14 mu gihe Jean MINANI yahora arongoye urwo runani yatowe ku majwi 13.

Abandi batowe mu mabanga yo kurongora urunani CNARED ni Onesime NDUWIMANA yatowe kuba icegera ca Charles NDITIJE ,Anicet NIYONKURU nawe atorwa kuba umunyamabanga mukuru wa CNARED.

Charles NDITIJE atowe inyuma yaho hari haheze iminsi havugwa ukutumvikana mu runani CNARED ku bijanye no kutabona kumwe ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...