Urunani CNARED rumenyesha ko rutashoboye gushika ku ntumbero nyamukuru

0

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta rwishinze gukingira amasezerano ya Arusha CNARED rumenyesha ko mu kiringo c’amezi cenda yari aheze,urwi runani rutashoboye gushika ku ntumbero nyamukuru rwari rwihaye kubera Reta itigeze ishaka kuganira.

Anicet NIYONKURU yahora arongoye urwego nshingwabikorwa mu mezi cenda aheze,amewnyesha ko mu runani CNARED baranguye ibitari bike muvyo biyemeje naho bahuye n’intambamyi zitari zike mu bikorwa vyabo.

Anicet NIYONKURU avuga ko bari biteze ko ikiringo c’amezi cenda c’urwego nshingwabikorwa cari kurangira bashoboye kwumvikana na Reta ,ariko ko bitakunze kuko abagize Reta batigeze bashiramwo ugushaka mu kuganira nabo batavuga rumwe.

Umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani CNARED avuga ko bashoboye kumenyesha ibiriko biraba mu Burundi,barashinga abaserukira CNARED mu bihugu birenga 10,baramenyesha kandi uko ibintu vyogenda kugira amahoro aboneke mu Burundi.

Umunyamabanga nshingwabikorwa Anicet NIYONKURU aheza amenyesha ko naho habaye ukutumvikana kuri bimwe bimwe,urunani CNARED rutarasambuka ko bakiri kumwe.