UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urubanza ruzocibwa na CVR ni ntasubirwamwo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umurwi w’igihugu ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi “CVR”ubu ufise ububasha bwo gufuta canke gusubiramwo imanza zaciwe na CNTB,gufuta impapuro ndangatongo abantu bafise kandi amatongo barimwo Atari ayabo ariko vyose bakabikora babanje kubisaba inama nshingamateka.Ikindi nuko urubanza ruzocibwa na CVR ari ntasubirwamo kuko atayindi sentare n’imwe yo mu gihugu ifise ububasha bwo guhindura urubanza rwaciwe na CVR.ibi bikaba vyemejwe n’inama nshingamateka ku wa mbere igenekerezo rya 8 ndamukiza 2024


Inama nshingamateka y’uburundi iheruka kwiga integuro y’ibwirizwa 1/022 ryo ku wa 6 munyonyo 2018 rihindura ibwirizwa numero 1/18 ryo ku wa Rusama 2014 rishinga umurwi w’igihugu ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi”CVR”ububasha ufise,abawugize,uko utunganjwe n,uko ukora mu gihe CVR yari yaserukiwe na Domine Banyankibona umushikiranganji w’ubutungane.

Igenekerezo rya 8 ndamukiza 2024 hari ku musi wa mbere,Domine Banyankimbona yamenyesheje ko ikiringo c’umurwi w’igihugu wari ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo carangiye muri 2022 kandi hariho imanza ibihumbi 35 wasize udaciye.arico gituma umurwi CVR uhawe ububasha bwo kubandanya ukwirikirana imanza zasizwe na CNTB.
Umurwi CVR rero uzoba ufise ububasha bwo gufuta canke gusubiramwo imanza zaciwe na CNTB,gufuta impapuro ndangatongo abantu bafise kandi amatongo barimwo Atari ayabo ariko vyose bakabikora babanje kubisaba inama nshingamateka.Ikindi nuko urubanza ruzocibwa na CVR ari ntasubirwamo kuko atayindi sentare n’imwe yo mu gihugu ifise ububasha bwo guhindura urubanza rwaciwe na CVR kuko nkuko umushikiranganji w’ubutungane abivuga intumbero y’ubutungane bunywanisha butandukanye n’ubutungane bwo mu ma sentare.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments