Inama y’Abadasigana ba UPRONA yari yatumweko na komite nkuru y’uwo mugambwe, yabujijwe n’ikete ry’umushikiranganji Nduwimana Edouard, mu gihe iyo nama, ariyo vyavugwa ko ije gukura intambamyi zituma uwo mugambwe ugira amashami abiri.
Nk’igihe c’isaha zine z’igitondo co kuri uyu wa 13 Mukakaro, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo hamwe n’abaserukira ubumwe bw’Afrika, ubumwe bwa buraya, hamwe n’ibindi bihugu, bakaba bari bishikiye aho ku Mugumya, aho bavuga ko batumiwe mu bikorwa vy’umugambwe UPRONA. Umwe muri abo baserukira ibihugu vyabo, akamenyesha ko bari baje kuraba uko Abadasigana biyunga, ariko babonye ikete ry’umushikiranganji ko ivyo bikorwa bitaba. Bamwe mu basore bashigikiye Concilie Nibigira, bakaba aribo bakira abo baserukira ibihugu vyabo, ndetse babankira n’ukwinjira aho ku Mugumya, mu guca bahagarara, bakazibira umuryango winjira muri iyo nyubakwa.
Abadasigana bagize komite nkuru y’uwo mugambwe hamwe n’abandi baporona, bakaba baciye bahurira hafi y’ikibuga kiri ku bitaro vya Prince Regent Charles, bashikirizwa ijambo na Ngayimpenda Evariste, icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe n’ubutegetsi. Muri iryo jambo, Ngayimpenda akaba yamenyesheje ko ingingo yari yafashwe na Concilie Nibigira ikura umushingamateka Nditije Karori mu mugambwe UPRONA, ari impfagusa, kandi ko ifuswe.
Mu ngingo zafashwe n’iyo komite nkuru y’umugambwe rero, hakaba iyibandanya ishigikira umushingamateka Karori Nditije na Ngayimpenda kubandanya barongora uwo mugambwe, bakongera bakifadikanya n’iyindi migambwe mu kugarukana intwaro rusangi, agateka ka zina muntu, gushigikira amasezerano ya Arusha n’ibindi. Eka mbere bakaba batanibagiye gutera ivyatsi ibara ryagira rikorwe n’umwe mu baporisi b’igihugu, aho yagira arase Karori Nditije.
Igiporisi kikaba kitemereye abo Badasigana kubandanya inama, mu gihe bashaka gushika ku Mugumya. Abo baporona bakaba baciye bataha, ariko naho nyene igiporisi kikaba cababuragije, amayira bagomba gucamwo yose, arazibirwa n’abajejwe umutekano bitwaje inkinzo, inkoho zirimwo ivyuka bikoroza amasozi n’ibindi.
Isinzi ry’Abaporona bari baje bava mu ntara zose z’igihugu, bakaba baciye bihereza ibarabara rya Bwiza, bashika mu Nyakabiga, aho bagenda bararirimba indirimbo zihayagiza uwo mugambwe wa Rwagasore, bongera bavuga n’izindi zasaba Concilie Nibigira kureka kuba igikoresho ca CNDD FDD, agasubiza umugambwe Abadasigana.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments