UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

UPRONA : Konsiriya Nibigira akomeje kwiyamiriza ibikorwa vya Nditije Karori

UBM News ads

Konsiriya Nibigira arongoye ishami rya UPRONA ryemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko ibishikirizwa n’umushingamateka Karori Nditije canke ivyashirako umukono kw’izina rya UPRONA bitega umugambwe.

Ivyo, uyu mupfasoni akaba yabishikirije inyuma y’aho, umugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije, ushiriye igikumu ku rwandiko co kimwe n’iyindi migambwe, aho bandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU Ban ki Moon, bamusaba gufasha kugira amatohoza ku bimaze iminsi bivurwa ku rwaruka ruhabwa inkoho, ukuri kuje ahabona. Konsiriya Nibigira akavuga ko umugambwe UPRONA wikwije, bidakenewe ko uja kwifatikanya n’iyindi migambwe.

Mukamenya ko n’aho uyo mupfasoni ashikiriza ivyo, bivugwa ko mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA imyumvikano yoba igeze kure y’uko ibintu vyosubira mu buryo, umugambwe ugahabwa indongozi zemewe n’ikoraniro kaminuza. Ivyo biganiro bikavugwa ko, biriko biraba bifashijwe na bamwe mu bashingantahe hamwe n’Abadasigana.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments