UPD Zigamibanga irashima ingingo y’Ibihugu vya BULAYA yafatiye abategetsi (4) bakorera Reta ya Petero Nkurunziza

0

UPD Zigamibanga irashima ingingo y’Ibihugu vya BULAYA, ivyo vyavuzwe na Marina BARAMPAMA asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa UPD ngo  iyo ngingo nayo siyindi ningingo yafatiwe abantu bane (4) bakorera Reta ya Petero NKURUNZIZA ko murabo bane atanumwe azoba yemerewe gufata ingendo aja mumahanga canke ngo murabo bane (4) ntanumwe yemerewe kuzobaza ivyerekeye n’amatungo yoba afise mubindi bihugu vyohanze y’Uburundi.

Marina_1

Ishirahamwe ry’Ibihugu vya BULAYA bikaba vyamaze nokubashira kurutonde rukurikira:

  • Godefroid BIZIMANA icegera c’uwurongoye ibiro bikuru vy’igipolisi.
  • Gervais NDIRAKOBUCA batazira NDAKUGARIKA akaba asanzwe akora mu Bureau vy’Umukuru w’Igihugu mu gisata c’Igipolisi.
  • Joseph NIYONZIMA batazira KAZUNGU akaba asanzwe akora mu Bureau vy’iperereza.
  • Léonard NGENDAKUMANA niwe yarajejwe  ingendo z’abakora mu Bureau vy’Umukuru w’Igihugu.

Marina BARAMPAMA arangiza avuga ko ivyo vyobera akarorero ku barundi nabandi bose ngo ntihagire uwuzokora icaha hanyuma ngo yitwaze uwuri hejuru yiwe amenye yuko uwuzohanwa ari uwuzokwagirizwa icaha.